download: Pdficon.png
Odticon.png
Version: 1.0

Isengesho rya buri musi

From 4training
Jump to: navigation, search
Other languages:
Albanian • ‎Arabic • ‎Chinese • ‎Czech • ‎English • ‎French • ‎German • ‎Hungarian • ‎Indonesian • ‎Persian • ‎Polish • ‎Romanian • ‎Rundi • ‎Spanish • ‎Swahili • ‎Swati • ‎Swedish • ‎Tamil • ‎Telugu • ‎Turkish • ‎Turkish (secular) • ‎Vietnamese • ‎Xhosa
More information about Rundi

Mpwemu Yera, nyuzuza!

Senga usabe Mpwemu Yera agukoreremwo kandi akore aciye muri wewe.

Yesu nkingira!

Ishire musi y'inkinzo y'amaraso n' ikiguzi vya Yesu.

Data wo mw'ijuru, mpa ingabire nkeneye uyu musi!

Uhoraho arashoboye kuguha ikintu cose ukeneye uyu musi.

Urakoze Mana kubw'ubugingo bwanje no kubw'ikintu cose umpaye uyu musi.

Shima kuri no muri vyose.

Ambara ibirwanisho vy'Imana

  • Inkofero y'agakiza: Mana kingira wongere uhindure ivyiyumviro vyanje.
  • Inkinzo y'ukugororoka: Urakoze Mana kubw'ubuntu bwawe bwankijije.
  • Umusipi w'ukuri: Mana mfasha kuvuga ukuri nokubaho nisunze ukuri kwawe.
  • Inkweto z'ubukerebutsi: Mana mfasha kubona ibihe bikwiye aho nobwira abandi ibikwerekeye wongere umfashe no kubikora.
  • Inkinzo y'ukwizera: Mana ndakwizeye. Reka ukwizera kwanje gukure.
  • Inkota / Ijambo ry'Imana: Mana, mfasha gutahura Ijambo ryawe no kurikoresha.

(Abanyefeso 6:10-17)